INYISHU YAKABAZO UWISEZERANO CANKE ABISEZERANO NI BANDE?
Shalom, dukundire twishure abatubajije bati uwisezerano canke abisezerano ni bande? Uwisezerano canke ABISEZERANO ni abantu bose benera Imana yuko yumva amasengesho, yishura , isezerana kandi igashitse ivyo yasezeranye. ABISEZERANO ni abantu bose bemera yuko Imana yasezeranye kandi igiye gushitsa ivyo yasezeraniye abantu kugiti cabo n’ivyo yasezeraniye abarundi muri rusangi. Ni umuntu wese afise ico Imana yamubwiye kandi yizeye yuko izogishitsa kugihe cayo.
Uwisezerano aho ari hose yamana ubwenge kandi akazirikana yuko igihe cose Imana igomba gukora canke gusohoza isezerano, Satani aca yitanganiza imbere kugirango aburabuze abizera kandi aburizemwo uyo mugambi. Ivyo umurwanizi akabikora akoresheje amayeri menshi:
1. Muguca inkokora akoresheje amajambo menshi y’ibitutsi, ugucokorana n’ivyiyumviro bihiritse canke bipfuye mubantu ariyo soko y’ibice n’imivurungano. Ayo majambo usanga ari ukuri kuvanze n’ibinyoma biva kukuvangigwa.
2. Mukuzana urujijo (confusion), kuburabuza n’ ihamwa (persecution) mubizera umugambi w’Imana, kugira ngo abantu babihebe bavuge ngo ni ububeshi canke bawuzinukwe.
3. Mugusuka igihendo mu bantu arico cishushanya n’uyo mugambi w’Imana kandi atari ukuri. Ni uburyo bwo kubajuragiza ngo bacanganyikigwe maze babure ico bafata nico bareka. Uca usanga hari ubuhojojo bwishushanya nuyo mugambi w’Imana, abantu benshi bawiyitirira, ukwigira abahinga no kwishira hejuru. Usanga satani kugira yigirire inyagano akoresha amajambo menshi atandukanye mukuvanga ukuri n’ibinyoma agaheza agakora ikintu gisa nico wasezeraniwe mugabo ari ikintu kitagira aho gihagaze.
Ivyo vyose biramaze gushika mu mugambi w’Imana ABISEZERANO ku Burundi.
Umunyabwenge agira umutimabwenge wo kwumira kuco yabwiwe, kwama asoma isezerano ryiwe no gusoma ijambo ry’Imana bigeretse kugusaba Impwemu y’ugusesangura n’uguhishurirwa. Gutyo amajambo y’imburakimazi, ukwishunya, iterabwoba n’uburyarya ntawe vyonyiganiza ahubwo bitera inkokora agashira amanga muguhagararira no guteramira ico yasezeraniwe. Nturi ico abantu bavuga yuko uri, ico Imana ivuga yuko uri.
Imana yacu Ihimbazwe kuko ico yavuze cose gitegerezwa gushika naho ibikoresho vya satani vyosya bitazambaye kandi abasezeraniwe bose bazobibona. Umwami Yesu abazigame!