Muhimpundu Lambert aba mugihugu ca Uganda yiyimitse kuba umwami w’Uburundi, akabi gatwengwa nkakeza!

IMG-20180528-WA0000Yataguye avuga yuko ari umuvugabutumwa kwisi , ubu naho akwiragiza ama audio ku mbuga ziwe whatsapp na Facebook abwira abantu yuko ariwe aramutswa ingoma y’Uburundi. Umwumvirije canke ugasoma ivyo yandika uwariwe wese aca atora ico yabaye. Si ubwambere haboneka abafata ibendera bakirahiza ngo bagiye kurongora uburundi mbere bagashira ahabona amasanamu bavuga yuko barahiriye kuba President none yuko aribo baramutswa Uburundi. Ubu naho hiyongereyeko uwundi yiyimitse nkabandi atanga amajwi yiwe kur’ubuga whatsapp mbere aranavyandika no kuri Facebook. Yaranahamagariye abomwemera nkumwami gutangura kumusaba. Uwo Muhimpundu Lambert ati : » INGOMA Y’UBURUNDI, UBURONGOZI BUKURU BW’ABARUNDI baba TEWOKARATE N’UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO muri TEWOKARASI. BARUNDI, BARUNDIKAZI BANYAMASEZERANO baba TEWOKARATE, NIDUSANGWE UBURUNDI BW’AMATA N’UBUKI, NIHAHANGAME urutonde G’UHORAHO arigo TEWOKARASI IBURUNDI. Kuri rino GENEKEREZO rya 17/NTWARANTE, 2018 : Nsubiye gufata akanya ko kuyaga namwe ABARUNDI bene wacu, ABARUNDI nkunda cane N’UBURUNDI nkunda gose kuko ari IGIHUGU canje kikongera kikaba IHANGA ryatoranijwe ngo IMANA iriyerekaniremwo nkuko yahora yiyerekanira muri ISRAELI ya kera itaravanga n’ayandi MAHANGA. BARUNDI, BARUNDIKAZI BANYAMASEZERANO baba TEWOKARATE, hashize imisi mike ibintu bidadanutse aho uruhande GW’ABARUNDI ABANYAMASEZERANO baba TEWOKARATE ndetse N’ABARUNDI bose bubaha IMANA muri rusangi, bimenyekanye neza INDONGOZI yabo. Uko kumenyekana kwiyo NDONGOZI, vyaranezereje abatari bake kugeza aho babigaragaza mubutumwa bwinshi bwo kumukeza baguma bamurungikira. Ariko kandi, ukumenyekana kwiyo NDONGOZI, vyararakaje benshi abo twokwita ba SENIBARATI na BATOBIYA naba GESHEMU, tutibagiye abo twokwita ba DATANI, KORA na ba BIRAMU. Abo bose ndondaguye, 3 bambere, bumvise NEHEMIYA yahagarukijwe N’UGUSANURA uruzitiro GW’IYELUSALEMU, vyarabarakaje gose kugeza aho bamugwanya muburyo bwose, ndetse bakaja banakoresha na majambo y’ububeshi ngo IMANA yavuze ko bidakunda ko NEHEMIYA yokubaka bikaguma, ahandi bakamwita imbwa, ahandi bakamwita umusazi, ahandi bakamwita Umukozi wibinyoma, bakoresha amayeri menshi kugira bamuce intege, kugeza naho bakoresha ni jambo ngo : IVYO NTIBISHOBOKA MURIYI SI Y’UBU, abo bansi bivyiza, baragerageje gose kugwanya NEHEMIYA bakoresheje ubwenge bahabwa na satani, bashiramwo nivyo kumuhiga ariko, NEHEMIYA ahabera MAGABO ntiyakangwa nutujambo jambo twimburakimazi, abo ba SENIBARATI na BATOBIYA naba GESHEMU rero, nabahinga mugutukana, nabahinga mwiterabwoba, n’abahinga mukubeshera IMANA, nabahinga mumarementanya, abo rero ico ubatsindisha, ubima akarimi, ukabagwiza nubusa maze ukikomereza kubaka. Hama rero, abo 3 banyuma navuze, aribo DATANI, KORA na BIRAMU, abo nabo babwiye MOSE bati : MBEGA IYO MANA, niwewe muvugana gusa? Niwewe yotoranya gusa? Tweho ntiyotuvugisha? Baramututse baramupinga gose, maze IMANA kuko ariyo yari yihagurukirije MOSE, iramubwira iti : Mbwira abo bagabo nababashigikiye bitegure kuko ndaje n’abo mbavugishe, maze IMANA yaraje, igeze nki MAKAMBA, bari IBUJUMBURA, kuko UMUGERE wi IMANA uhonyora ISI ikanyiganyiga, uko IMANA yatambuka, niko ISI yiyasa imigaga, ikaravya, maze BABAGABO nivyabo, nababo, nabashigikiye bose, ISI irasama irabamira. Baba bazize ubwenge buke, nakarimi karekare, nukwishira hejuru, abandi barakajwe nimenyekana ryiyo NDONGOZI, ni abari bafise abo bizeye babo ,abandi bari bizeye indongozi zimigambwe yabo nizimihari yabo .

BARUNDI, BARUNDIKAZI BANYAMASEZERANO baba TEWOKARATE, nubwo mumenye uwatoranijwe kubarongora vuba, burya siho agitoranywa, yatoranirijwe kera mbere akivuka kuko IMANA ntiyibesha, iratuzi kurusha uko twiyizi, rero, harahiriwe abagiye gufashanya nawe, MUKUBAHISHA UHORAHO, ibisigaye mubirekere IMANA gusa, erega ntiyamutoranije ngo nuko ari INTUNGANE, ngo nuko YIZE cane, mbega iyo itoranya muri VYA BIHANGANGE vyirigwa vyiyamamura kuma RADIO, icubahiro ci IMANA cari kugaragarira he? Niko biri, IMANA yama yiyerekanira MUNSUZUGUGWA, kuko yo iraba Mumitima gusa, none rero, NIHAHANGAME UMWAMI IMANA, YEHOVA wamahoro, YESU KRISTO, we adatoranya kubutoni. Nanje niyemeje kumukorera, kumwubahisha nkuko twabisezeranye nawe. Ndashimiye gose rero abankeje, ndashimiye, Abari kuruhande gwa TEWOKARASI, ndashimye a bumviye na bumvira UBUVUGISHWA bwavuzwe ni IMANA nzima, ibisigaye, a benshi bipfuza kumenya ibimenyetso, ariko bamwe murabo yababwiye ngo, abiki gihe muronderera iki ikimenyetso? Arangije aravuga ngo : Abo kuri YONA bazobacira imanza kuko bumviye YONA bakihana ariko mweho ntimuruhe mwumvira uwuruta YONA, arongerako ngo, UMWAMIKAZI wi SHEBA azobatsindisha kuko yahagurukijwe nukuza kuraba ubwenge nubutunzi vya SALOMO ariko mweho ntimuhagurutswe nukugaba uwuruta SALOMO, none muronderera iki ikimenyetso? Abandi namwe mushaka ibimenyetso, YESU KRISTO yavuze ngo, kumwanse kunyemera, murafuma munyemezwa nibikogwa nkora! Ibisigaye, mugire UKWIZERA, inzira zi IMANA zirenga 1000, UKWIZERA kwanyu ntikukabe ukubakiye ku bimenyetso bigaragara , kuko hahiriwe uwizera atarinze kubona. Mbega ko mushaka ibimenyetso, UKWIZERA kwanyu kuzogaragarirahe? Mbega ntimurapfa mumenyeko kubwo kugaragirariza UHORAHO yanyuranije inzira ku BARUNDI? Hahiriwe abasenga ubudahumeka binginga IMANA KU BWIGIHUGU no kubwa MASEZERANO.

BARUNDI, BARUNDIKAZI BANYAMASEZERANO baba TEWOKARATE, ngomba ndangize nsaba abo turikumwe, abo tuvyumva kumwe, abumva biteguye kubaha nukubahisha UHORAHO vyukuri, mwime amatwi babandi nababwira aho bozanana hose kuko bazozanana munzu iwanyu, munsengero murimwo nahandi kuko satani yarahageze hose ubu bamuhaye icicaro gose, rero abo mubime amatwi, maze mwitegure muburyo BW’IMPWEMU no muburyo BW’UMUBIRI maze TUGARURE ISANDUGU YI IMANA, ubwambere, birazwi ko Mumitima YA BANYAMASEZERANO baba TEWOKARATE, ISANDUGU yi IMANA twarayigaruye, Hasigaye ko tuyigarura Mumitima Y’ABARUNDI bose tuyishiremwo kuneza no KUNGUVU, maze tuyigarure MUG’IHUGU cacu cose tuyubakire MU BUTEGETSI BW’IGIHUGU yicaremwo MUBWIRIZWASHINGIRO ISANDUGU yi IMANA yicareyo, muri LETA yicareyo, mu nzego ZUBUTUNGANE yicareyo, mu nzego zumutekano yicareyo, hose hose, ISANDUGU yi IMANA yicareyo maze rero tuyijane KW’ISI yose yicareyo ibeyo. Ngiyo mission special yanje namwe ku GIHUGU CUBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO, no KW’ISI, maze tutibagiye ko no MWISHENGERO ryitirigwa YESU KRISTO tuzoyinjizamwo iyo SANDUGU yi IMANA. Ariko ivyo vyose, ntaco nokwishoboza, ntaco twokwishoboza, kiretse ko tuzobishobozwa na DATA wo MW’IJURU yitwa YEHOVA. Rero BARUNDI mwese, ABIZE, ABATIZE, umwe wese ico ashoboye, mwitegurire ugo RUGAMBA dusanzwe twaratanguye kera nubu tukaba tururimwo. Aha rero benshi bipfuza kumenya ngo : ISANDUGU yi IMANA niki? Yarimwo iki? ISANDUGU yi IMANA yarimwo ibi bikurikira : 1) ICUBAHIRO CI IMANA, URUTONDE G’UHORAHO arigo TEWOKARASI aha duca tubona URUTONDE ruhwanye na BIBILIYA MU BUTEGETSI BW’IGIHUGU no mwishengero gusa, bisigura ngo MUSANDUGU yi IMANA, ntabintu bitanditse vyarimwo nkayamisi mikuru mwirigwa muhimbaza ataho yanditse, MUSANDUGU yi IMANA nta bishingwa n’abantu birimwo harimwo IVyanditse muri BIBILIYA gusa, ibisigaye muzobimenya hageze nimba hatageze.

BARUNDI, BARUNDIKAZI BANYAMASEZERANO baba TEWOKARATE, nkaba ndangije mbashimira gose ukuntu muriko mwerekana ugushaka kubahisha UHORAHO, niyo mpamvu nsubiye gusaba abiteguye kuja muri LETA Y’UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO, mwitegure mwongera munabimenyesha kuko IMANA ikorana nabiteguye, abiteguye kuja mu nzego zose zigihugu, mwitegure mwongera munabimenyesha kuko IMANA ikorana nabiteguye, unomusi rero, harakenewe INTWARI zo kubahisha UHORAHO mubisata vyose vyigihugu ariko bitahura icarico TEWOKARASI canke bemera kuyigishwa. Ibisigaye navyo mukomere gose, ivyo vyishira hejuru mubireke, kimwe nuko IMANA igiye KUMIZA abantu, igiye gutangaza abantu n’isi kuko aho benshi bahanze amaso, Ivyari IMAGERA VYARAGERUYE, nta BURUNDI buzosubira gutwagwa N’IMIGAMBWE, DEMOKARASI, N’AMATORA, nta MUNYEPOLITIKE atubaha, atubahisha IMANA azosubira gukoza amaboko kugihugu, ABAZUNGU, AMAHANGA, abafashe, bareke, muzoruhira kumaramara kuko UBURUNDI N’ABARUNDI vyaraheze bwashikirijwe abubaha UHORAHO biteguye kumwubahisha, namwe mucibaza ngo muracari ku NGOMA, na SAWULI kwaruko, kumbe yahakuwe kera. Namwe murindire gato. Nkaba nsavye zina MUNYAMASEZERANO wumu TEWOKARATE wese ahuri hose, kudasubira kumvira nukwitabira ibikogwa ivyarivyo vyose bitavuye, bidateguriwe MUBURONGOZI bwanyu canke ibitegetswe NA BAVUGISHWA ni IMANA bukuri bavugishwa I vyubahisha IMANA bagatako bakabikora kuko satani harigihe yihindura MALAYIKA wumuco atariwo. Murakoze.

NIDUSANGWE UBURUNDI BUSHASHA BW’ISEZERANO, Tugire AMAHORO – ITEKA – ITERAMBERE – N’UBUTUNGANE Kuri twese. »

Publicités