Umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yateye umukono kuri uwu w’Imana kw’itegeko rihamagarira Abarundi kuzokwitaba amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha azoba kw’igenekerezo rya 17 Rusama 2018.
Nk’uko biri muri iryo tegeko, imigambwe canke inani z’imigambwe yipfuza kwigisha abanywanyi bayo ibijanye n’itorwa ry’iryo bwirizwa shingiro isaba kwiyandikisha mu murwi ujejwe gutegura amatora, kuva kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante gushika kurya 6 Ndamukiza 2018. Iryo tegeko rivuga ariko abarekuriwe kwiyandikisha ari abakwije ibisabwa n’amategeko.
Ku munsi w’ugutora iryo bwirizwa shingiro, Abarundi baba hanze y’igihugu bazotorera ahari ubuserukizi bw’Uburundi, abasirikare nabo barungitswe kugarukana amahoro mu bihugu itandukanye bakazotorera mu bibanza ababatwara bazobereka, ivyo bibanza navyo bikazotorwa n’abatwara abo basrikare, babifashijwemwo n’umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora (CENI).