Abasirikare b’abarundi batakaje ibibanza muri ONU kubera ukutabishobora

Mwikete ryandikiwe uwuserukira uburundi muri ONU, ibiro vya ONU vyarerekanye yuko abarundi badashoboye gutunganya ibikogwa vyo gukingira no kugarukana amahoro, ari naco gituma batakaje ibibanza muri commandement. Iyo ngingo yatumye uburundi butakaza ibibanza vya U6FHQ, MPIO FFQ, G3 HQ, G1 HQ vyahawe ibindi bihugu kubera kudashobora nkuko uwuserukira uburundi muri ONU yavyandikiye umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ayandi amakungu.

Publicités