Mutunganye imiryango yanyu kuburyo rukristo harangwmwo amahoro.
Ni mwigire kuri: inkurikizi yuko ABURAHAMU yakoze ivyumugore amubwiye ATERA inda incoreke HAGARI, maze vyakweze ingorane muruvyaro rwiwe,
nubu ntibirahera,abarabo n’abisirayeli numuriro. Canke murabe mubana ufise ntihabe ububisha,kuko KAYINI na ABELI,baravukana. Bigishe gukundana.
Mubakuze, abagabo Mugabe,ESAU na YAKOBO baravukana,birashoboka gushika niwawe, urabe uzitire.
Inkuru ya samusoni irerekana yuko abasore batoranijwe bakwiriye kwinengesera abakobwa . We bamukwegeye akarambaraye mugukundana na Delira.
Mwiyubare mwibuke ivyashikiye LOTI, yarasamaye aryohewe na VINO,araborerwa aryamana nabakobwa biwe.
Mwibuke ivyashikiye AMUNONI mwabasore mwe,kandi yari musazawe.
ABAGABO,mwirinde cane imitego aho mubagore uhaye indaro, ababanyi, abagukoresha canke abukoresha,abo musenga hamwe, abo muva hamwe, abagufasha , nabo ufasha.
ABASORE umwansi murikumwe abo bakobwa n’abagore , ubona ni ibitsitaza, abo ubona wogirango barakwitayeho, genda neza, benshi ni ba DERIRA na mukapotifari, ubuto bwawe bazobuta mukaga, gendana amakenga isi yarameze Amenyo.
🍇UHORAHO URUMWIZIGIRWA SUKA MPWEMU WAWE MUMIRYANGO YACU🍇