Makamba : Umuntu umwe yarapfuye, 17 barakomereka mw’isanganya ry’imodoka

Umuntu umwe niwe yitavye Imana, abandi 17 barakomereka, mw’isanganya ry’imodoka ryabaye inyuma y’umutaga wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 22 Ntwarante 2018, muri komine Nyanza-Lac, intara ya Makamba.

Amakuru ava aho mu ntara ya Makamba, amenyesha ko iryo sanganya ryabereye ku musozi Rukonwe, aho imodoka yunguruza abantu yo mu bwoko bwa Hiace, yasetse inkombe, ica iratembegara.

Ayo makuru nyene amentesha ko, muri abo bakomeretse harimwo ababaye cane, harimwo n’uwariko atwara iyo modoka, bamwe bakaba bariko bavurirwa i Makamba, abandi bakaba bariko bavurirwa mu gisagara ca Bujumbura.

Si irya mbere muri ico kibanza habera isanganya,kuko hama haguye imodoka, zigahitana ubuzima bw’abatari bake.