Umukuru w’igihugu ca Centrafrika yavuye i Kigali abonana n’abategetsi ba Bujumbura

Umukuru w’igihugu ca Centrafrika, Faustin-Archange Touadéra, yari mu rugendo mu gihugu c’Uburundi mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro, urugendo rwatanguriye aho ku kibuga c’indege ca Bujumbura, ruherera aho nyene. Uburundi buvuga ko ata butumwa bw’ikindi gihugu yari azanye.

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego zose zigize Reta y’Uburundi kiriko kibera mu ntara ya Gitega kuva mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, Jean Claude KARERWA NDENZAKO, umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yemeje amakuru y’urwo rugendo, ariko amenyesha ko ata butumwa yari arungikanwe.

« Nivyo hariho umushitsi adasanzwe, umukuru w’igihugu ca Centrafrika yarashitse ku kibuga c’indege ca Bujumbura n’ijoro. N’aho yaciye mu Rwanda, ntiyaje nk’intumwa y’Urwanda, yaje nk’intumwa y’igihugu ciwe. »

Jean Claude KARERWA NDENZAKO avugira umukuru w’igihugu c’Uburundi ashikiriza ko imvo nyamukuru y’urwo rugendo kwari ugushima igikorwa kidasanzwe, umwete n’ubwira bw’abasirikare b’Abarundi barungitswe kugarukana amahoro n’umutekano mu gihugu ca Centrafrika.

Urwo rugendo rw’umukuru w’igihugu wa Centrafrika Faustin-Archange Touadéra rwabaye inyuma y’inama y’abakuru b’ibihugu vy’ubumwe bwa Afrika yari yabereye i Kigali mu gihugu c’Urwanda, ariko Uburundi bukaba butaserukiwe muri iyo nama. Reta y’Uburundi yasiguye ko yasivye muri iyo nama kuko itari yizeye umutekano mu Rwanda w’aboserukira Uburundi.

Publicités