Ntutinye hari ivyizigiro muri Yesu Kristo

🌈RAHABU MARAYA YIZEYE ‘IMANA,ARAKIZA UBUZIMA BWIWE,NABAVYEYI,NABO BAVUKANA,NAWE NTUTINYE HARIVYIZIGIRO MUMARASO YA YESU KRISTO,NIWIKIZE NABAWE🌈

YOSUWA 2:9_10_11_12_13

9/RAHABU,arabishura,ati:Nzi yuk’UHORAHO abahaye iki gihugu;kandi mwaduciye ivutu,mber’abari mu gihugu Bose bahiye coba kubwanyu.

10/Kuko twumvise ingen’UHORAHO yakamije ikiyaga gitukura imbere yanyu,igihe mwava muri Egiputa;kandi twumvise n’ivyo mwagiriye. Abami bompi b’abamori hakurya ya yorodani,sihoni na Ogi,abo mwagesheje rwose.

11/twavyumvise,imitima yacu yaciye ituvamwo,nta muntu n’umwe yar’agisigaranye umutima munda kubwanyu: kuk’UHORAHO IMANA yanyu ari we MANA iri hejuru mw ijuru no hasi kW isi.

12/Nuko rero ndabinginze,ni mundahire UHORAHO yuko muzogirira neza ab’inzu ya Data,nk’uko nanje ndabagiriye neza,mumpe ikimenyamenya c’ukuri.

13/Yuko muzorokora Data na Mama,nabasaza banje n’aba rumuna banje n’ababo Bose,mukadukiza ntidupfe.

YOSUWA 6:17_25.Ati,kand’igisagara n’ibiri muri co vyose bicitse inyegu y’UHORAHO;mugabo,RAHABU,umwe MARAYA,abe ari we arokoka,bo n’abari mu nzu yiwe Bose,kuko yanyegeje za ntumwa twatuma.

25/nuko YOSUWA arokora RAHABU umwe maraya,n’inzu yase,n’abo yarafise Bose.🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏

Publicités