Radiyo BONESHA FM ntiyaronse urupapuro yarondera mu butungane

Urupapuro insamirizi BONESHA FM yari yatumwe mu butungane bw’Uburundi kugira isubire kwemererwa gusamirana yarubuze, nk’uko bishikirizwa na Agnes BANGIRICENGE, umuvugizi wa Sentare ntahintuzwa. RSF Bonesha FM yari yasabwe n’urwego CNC rujejwe kugenzura itangazamakuru mu Burundi, ko yotanga urupapuro rwerekana ko idakwirikiranwa n’ubutungane.

Urwego rw’igihugu rujejwe kugenzura no gucungera ibinyamakuru mu Burundi CNC (Conseil National de la communication) rwaheruka kumenyesha ko rwasanze ivyasabwe n’iradiyo RSF Bonesha FM ko yosubira gukora bihuye n’itegeko rijejwe kumenyesha amakuru, ariko muri CNC bakavuga ko mu gusuzuma basanze hariho bimwe bikibura muri iyo dosiye ya radiyo RSF Bonesha FM.

Agnes BANGIRICENGE, umuvugizi wa Sentare ntahinyuza aremeza ko insamirizi BONESHA FM yasavye urwo rupapuro mu butungane, ariko ko itashoboye kuruhabwa.

« Uwuserukira Radio Bonesha FM yarandikiye ikete umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika asaba urupapuro rwerekana ko badakurikiranwa n’ubutungane. Umushikirizamanza kizigenza wa Repuburika yaramwishuye kw’igenekerezo ry’umunani ukwezi kwa gatatu, yaramubwiye ko bidashoboka, urwo rupapuro rudashobora gutangwa kubera hariho ama Dosiye Bonesha iriko iragirwako amatohoza. »

Publicités