Zambia: Lungu yiyamirije abipfuza kumukuza ku butegetsi

Umuvugizi w’umukuru w’igihugu ca Zambia Edgar Lungu yiyamirije umugambi w’umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi wipfuza kumukuza ku butegetsi.

Yavuze ko afise icizere ko uwo mugambi ataco uzoshikako, avuga ko bikogwa n’abitwaye muri sentare baratsindwa, bipfuza guhagarikisha intsinzi yiwe yo mu matora aheruka.

Abayoboke b’umugambwe « United Party for National Development » wo muri Zambia, bavuga ko Prezida afise inyifato mbi kandi ko yiziziwe n’ibiturire, ari naco gituma bashaka ko Bwana Lungu akugwako icizere.

Vyitezwe ko uwo mugambi uzoshigwa mu mpari mu ndwi iza, ukaba washikirijwe inama nshingamateka ejo mw’ijoro wateweko umukono n’ica gatatu c’abashingamateka hamwe n’abantu babiri bigeze kuba abashikiranganji.

Uwo mugambi ukeneye amajwi angana na bibiri vya gatatu, ngo ushobore kwemezwa.

Publicités