Urwaruka rwa SAHWANYA FRODEBU rwashizeho izindi ndongozi zidaciye mu matora

Urwaruka rw’umugambwe SAHWANYA FRODEBU ruserukira abandi mu gihugu cose runanegura ko rumaze imyaka itandatu rutagira uwurutwara ku rwego rw’igihugu, kuko inzego zahahora zahejeje ikiringo cazo, kandi zikaba zitarasubirizwa.

Mu rwandiko barungikiye ubuyobozi bukuru bw’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, urwo rwaruka rukaba rumenyesha ko rwahisemwo gushiraho urwego rw’abantu batanu, kugira abe aribo baserukira urwaruka rw’uwo mugambwe ku rwego rwo hejuru, mu ntumbero y’ukwitegurira amatora yo mu mwaka w’2020. Abagera kuri 20 baserukira abandi bateye umukono kuri urwo rwandiko bihaye ikiringo c’ukwezi, kugira barabe ico bazoba bashitseko muvyo biyemeje.

Patrick NKURUNZIZA, asanzwe ariwe arongoye urwaruka rw’umugambwe SAHWANYA FRODEBU ku rwego rw’igihugu aremera ko atagifise uburenganzira bwo kurongora urwo rwego, kuko ikiringo ciwe caheze, kandi ko n’imyaka afise igera kuri 39 itakimurekurira kurongora urwaruka. Amategeko y’uwo mugambwe avuga ko uwurongora « Intakangwa zaSahwanya FRODEBU » aba afise imyaka itari hejuru ya 35.

Patrick NKURUNZIZA asaba urwo rwaruka, hamwe n’abandi banywanyi bose b’uwo mugambwe ko botekana, akizeza ko ico kibazo abarongoye umugambwe bazogitorera inyishu. Amakuru twahavuye turonka akaba avuga ko bitegekanijwe ko inama y’abagize urwego nyobozi rw’uwo mugambwe ihava ikorana kuri uwu wa gatandatu kugira yigire hamwe icokorwa.

Publicités