Musenyeri Evariste NGOYAGOYE ntakiri Umwugere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura

Musenyeri Evariste NGOYAGOYE yahora ari Umwungere wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura yasubirijwe kuva kuri uwu wa gatandatu. Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA yahora ari Umwungere wa Diyoseze ya Ngozi akaba ariwe yamukoreye mu ngata, ku ngingo yafashwe na Papa Fransisko, Umwungere wa Ekereziya Gaturika kw’isi yose.

Musenyeri Gerevasi BANSHIMIYUBUSA yagenwe kandi kuba Umwepisikopi ahagarariye Diyoseze nkuru ya Bujumbura kw’izina rya papa Fransisko.

Iyo ngingo ya Papa Fransisko ifashwe inyuma y’aho Musenyeri Evariste NGOYAGOYE asabiye ko yotangura akaruhuko k’ubusaza.

Ako karuhuko ko muzabukuru kakaba kagengwa n’igitabo c’amategeko ya Ekereziya kw’isi yose, mu ngingo y’401 ku karongo ka mbere.

Ico gitabu c’amategeko kivuga ko Umwepisikopi ashikanye imyaka 75 ashobora gusaba gutangura akaruhuko ko mu busaza, aho tukabamenyesha ko Musenyeri NGOYAGOYE Evariste yasubirijwe mu gihe yari arumanije imyaka 77.