Abantu barenga 60 bahitanywe n’umuriro mu Burusiya

Umuriro ukomeye wadutse mu kibanza c’amaduka ca kijambere mu karere ka Siberiya, bimaramaze kumenyekana wo wahitanye abantu barenga mirongo itandatu.

Abajejwe intwaro mu Burusiya bavuga ko abandi benshi baburiwe irengero, nyuma y’umuriro wadutse mu muji wa Kemerovo.

Vyibazwa ko uwo muriro watanguriye mu kibanza ca sinema, ariko icoba carawuteje ntikiramenyekana neza, kandi benshi mu bahasize ubuzima ni abana.

Video zagaragaye zerekana uwo muriro uriko urakwiragira hose vuba cane, abantu bakaboneka bariko barasimba mu madirisha yuzuye imyotsi myinshi.

Abajejwe intwaro bamaze gutanguza itohoza ngo bamenye icateje uwo muriro.

Publicités