Bubanza : Abanyagihugu batewe umutima uhagaze n’umucafu uva mu mabagiro y’ibitungwa

Abanyagihugu bo ku mutumba Musenyi, komine Mpanda, intara ya Bubanza, baridoga ko abayangayanga bata imicafu mu ruzi Gifurwe, mu gihe baba bariko barabaga ibitungwa. Umuhanuzi wa musitanteri ajejwe intwaro n’imibano amenyesha ko, mu ntumbero yo gutorera umuti ico kibazo, hariko haratunganywa ibibanza bishasha vyo kubagiramwo.

Umuhanuzi wa musitanteri wa komine Mpanda, ajejwe intwaro n’imibano Godefroid NIYUNGEKO, amenyesha ko, ibibanza bishasha vyo kubagiramwo biriko bitunganywa, mu ntumbero yo kugarukira isuku hamwe no gukingira ibidukije.

Godefroid NIYUNGEKO, avuga kandi ko, ivyo vyakozwe, kuko abanyagihugu bari bamaze iminsi itari mike bidogera abajejwe intwaro hamwe n’abayangayanga ko ataco bakora kugira bakingire amagara yabo.

Abanyagihugu, bavuga ko bibabaje kuba abajejwe intwaro ataco bari bwakore, kugira bakingire abanyagihugu, mu gihe imicafu iva aho babagira yaja mu ruzi Gifurwe, kandi amazi yayrwo bayakenera kuyakoresha.

Ivyo bibanza vyo kubagiramwo, biriko bitunganywa, mu gihe ibibanza vyari bizwi, biri ku Muzinda, Komine Rugazi, intara ya Bubanza.

Publicités