Genève : Pascal NYABENDA yagarutse ku kibazo c’abashatse gutembagaza ubutegetsi

Mu nama igira iya 138 y’urunani rw’amanama nshingamateka iriko ibere i Genève mu gihugu c’Ubuswise, umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA yasavye ko amakungu yofasha kugira ibihano ubumwe bwa Buraya bwafatiye Uburundi bihagarare. Pascal NYABENDA yamenyesheje ko ivyo bihano ari akarenganyo kakorewe Abarundi.

Pascal NYABENDA arongoye inama nshingamateka y’Uburundi yasavye ko ivyo bihano vyokurwaho, kuko ku bwiwe, Uburundi buri amahoro n’umutekano.

Muri iyo nama, umushingamateka Pascal NYABENDA yagarutse kandi ku kibazo c’impunzi z’Abarundi zikurikiranwa n’ubutugane, aho yemeza ko amasezerano mpuzamakungu atanga uburenganzira bw’uguhabwa ubuhungiro. Pascal NYABENDA aragaruka akavuga ko ubwo burenganzira burakurwaho, iyo uwahunze afise ivyo yagirizwa mu butungane.

Publicités