Kenya : Uwahagarikiye ibirori vyo kurahira kwa Raila Odinga yankiwe kwinjira mu gihugu

Umunyamategeko Miguna Miguna yahagarikiye uwutavuga rumwe na Reta ya Kenya Raila ODINGA mu birori vyo kwirahiza nk’umukuru w’igihugu, yankiwe kwinjira mu gihugu ca Kenya, inyuma y’aho yanse gusaba uruhusha rutangwa ku banyamahanga kugira binjire mu gihugu.

Miguna Miguna akoresha urupapuro rw’inzira rw’igihugu ca CANADA inyuma y’aho Reta y’igihugu ca Kenya imwatse ubwenegihugu bw’ico gihugu mu ntango z’ukwezi kwa Ruhuhuma uwu mwaka.

Ubutungane bwo mu gihugu ca Kenya bwatanze itegeko ko uwo munyamategeko asubizwa iteka hamwe n’ibimuranga vy’igihugu ca Kenya, ariko abegereye Miguna Miguna bamenyesha ko Reta atavyo irakora.

Umunyamategeko Miguna Miguna yahagarikiye uwutavuga rumwe na Reta ya Kenya Raila ODINGA mu birori vyo kwirahiza nk’umukuru w’igihugu

Miguna Miguna yirukanywe mu gihugu ca Kenya yongera yakwa ubwenegihugu bw’ico gihugu kw’igenekerezo rya 6 Ruhuhuma 2018, inyuma yo kwagirizwa ko yahagarikiye uwutavuga rumwe na Reta Raila Odinga mu birori vyo kwirahiza nk’umukuru w’igihugu ca Kenya.