Impunzi 72000 ziri muri Tanzaniya zitezwe guhunguka gushika muri Kigarama 2018

Impunzi ibihumbi 72 nizo zitezwe guhunguka zivuye mu makambi y’impunzi ar mu gihugu ca Tanzaniya, kuva kw’ igenekerezo rya 5 Ndamukiza umwaka wa 2018 gushika igenekerezo rya 31 Kigarama 2018.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe inyuma y’inama nyabutatu yahuje Reta y’Uburundi,Reta ya Tanzaniya hamwe n’ishirahamwe rijejwe impunzi kw’isi HCR kubijanye no guhungura impunzi zipfuza gutahuka mu Burundi zivuye muri Tanzaniya,impunzi 1000 nizo zizotahukanwa ku ncuro 1, mu gihe hategekanijwe incuro 2 buri ndwi.

Iryo tangazo ryerekana ko impunzi zishika 19.148 arizo zimaze kwiyandikisha kugira zitahuke, zivuye mu makambi y’impunzi atandukanye, ari mu gihugu ca Tanzaniya.

Bimwe mu bitegekanijwe kugira ico gikorwa kizogende neza, n’ibijanye no gufasha abazoba bahungutse gusubira mu vyabo hamwe no kubaha imfashanyo y’imfungurwa y’amezi 3.

Ikindi gitegekanijwe n’uko ishirahamwe mpuzamakungu HCR rizohabwa uburenganzira bwo gukorera ku mbibe z’ivyo bihugu bibiri ,kugira igikorwa co guhungura izo mpunzi corohe.

Naho Reta y’Uburundi hamwe na Reta ya Tanzaniya bemeza ko hageze gutandukira intambwe yo guhimiriza abantu mu makambi kugira bahunguke kubera umutekano n’amahoro mu gihugu biriho,ishirahamwe mpuzamakungu HCR ribona ko iyo ntambwe hataragera kwitanguzwa.

Muri iyo nama nyabutatu igira iya 20, Reta y’Uburundi yaserukiwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukundisha igihugu Pascal BARANDAGIYE,Reta ya Tanzaniya iserukirwa n’umuserukizi wayo mu Burundi Rajabu Hassa GAMAHA, ishirahamwe HCR naryo riserukirwa na Gogo HUKPORTIE ahagarariye iryo shirahamwe mu gihugu c’Uburundi.