Twiyumvire kukubabazwa gushika k’urupfu rwa Yesu Kristo Umwami n’umucunguzi wacu.

URUPFU RWA YESU UKO RWANDITSWE N’INTUMWA LUKA.

Kandi nkisaha zitandatu, ubwirakabiri bukorana mugihugu cose, bushitsa mwisaha y’icenda, izuba ryazimanganye, igihuzu gikingiriza ahera cane h’urusengero gitantamukamwo kabiri.

Yesu amaze gusemerera n’ijwi rirenga, avuga ati: Data, mu maboko yawe niho ndhize ubugingo bwanje. Ahejeje kuvuga artyo aracikana.

Umugabisha w’abasoda ijana abonye ibibaye ahimbaza Imana, ati ni ukuri uyu muntu yari umugororotsi.

Ishengero ryose ryari rikungereye basubira inyuma bishishitira. Abazinanye na Yesu bose n’abagore bari bavanye I Galilaya bari bahagaze kure baraba ivyo.

Luka 23: 44-49.

Publicités