Abanyapalestina baharurwa mu bihumbi, bahuriye mu myiyerekano, mu kibanza kiri ku rubibe mu gace ka Gaza, aho igihugu ca Isirayeri cakomeje cane umutekano.
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko abasirikare ba Isirayeri bavuze ko imigumuko yabereye mu duce tutari duke, abari mu myiyerekano nabo bakaba bateye amabuye banaturira amapine y’imuduga .
Bivugwa ko ,iyo myiyerekano yabaye mu ntumbero yo gusaba ko impunzi zosubira mu birwati vyazo ubu vyacitse ivyibare vya Isirayeli, kandi abateguye ico gikorwa bo muri Palestina bavuga ko ari intango bizera ko bizovamwo imyiyerekano ikomeye kandi izobandanya.
Hashinzwe amakambi atanu ku rubibe, kandi igikorwa bise « Urugendo rwo gutahuka » bizera ko kizomara indwi nyinshi.