Umugabo avuka mu ntara ya Kayanza yatowe ikiziga ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika.

Ikiziga c’umugabo catowe ku muhingamo wo kuri uwu wa kane nk’igihe c’isaha icumi ku nkengera z’ikiyaga Tanganyika, hafi y’aho bita ku Mase. Ico kiziga cari catanguye kwononekara.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko uwo yatowe ikiziga ari umugabo azwi kw’izina rya NIBARUTA Anatole w’imyaka 31, avuka ku musozi Nyarusange, muri komine Rango, intara ya Kayanza.

Mu giporisi bashikiriza kandi ko uwo yatowe ikiziga yahora akazi akora akazi ko kwunguruza abantu akoresheje ikinga. Amatohoza yamaze gutangura, ku cishe uwo muntu, nk’uko bivugwa n’igiporisi.

Publicités