Ihanga ry’Imana ABISEZERANO ribipfurije mwese kugira iminsimikuru ya pasika myiza.

Naho habayemwo uruvangatirane rwimigenzo ya gipagani n’imigenzo y’ikiyuda kungene abantu bafata ibihe vya pasika, Ihanga ry’Imana ABISEZERANO rirashimira ryivuye inyuma ubwira n’ubwitonzi aba Kristo Yesu bakoranye bakanyaga ivyo satani yari yagize inyegu ziwe, ivyo abapagani bari barigaruriye co kimwe n’iyizindi ngendo bakazigira ibihe vyo kwibuka ibikogwa bitangaje Umwami Yesu kakoreye abizera bose igihe yari hano kw’isi. Uyu munsi mukuru wa pasika rero ntihagire uwo ubera igitsitaza ahubwo ubabere akaryo ko kwegera Imana gusumba no kwitunganya ngo Yesu niyagaruka azosange twese twiteguye.

Umunsi mukuru mwiza wo kwibuka ukubabazwa, gupfa no kuzuka kwa Yesu Kristo umwami wacu.

Publicités

Un commentaire sur “Ihanga ry’Imana ABISEZERANO ribipfurije mwese kugira iminsimikuru ya pasika myiza.

Les commentaires sont fermés.