Onu yipfuza itohoza ku bwicanyi buherutse ku rubibe rwa Gaza na Israeli

Umunyamabanga mukuru wa Onu, Antonio Guterres yasavye ko hakogwa amatohoza ataho yegamiye inyuma yaho ubutegetsi bwa Palestine buvugiye ko hari abanye Palestina 16 biciwe mu makimbirane n’abasirikare ba Israeli ku munsi wa Gatanu.

Abantu baharugwa mu majana barakomerekeye ku rubibe rwa Gaza, nkuko uruhande rwa Palestine ruvuga.

Umunsi wa Gatanu niwo waguyemwo abantu benshi cane mu ndyane ziri hagati ya Israeli na Palestine, kuva igihe c’ingwano ya Gaza mu 2014.

Akanama kajejwe umutekano ka Onu kaneguye ubwo bwicanyi, mu nama yahamagajwe itari itegekanijwe.

Icegera c’umunyabanga mukuru mu gisata ca politike Taye-Brook Zerihoun yabwiye akanama ko ibibera muri Gaza bishobora kwunyuka mu minsi iza, asaba abasivile na cane cane abana ngo ntibahigwe, niko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ryavuze.

« Israeli itegerezwa kwisunga amategeko mpuzamakungu yubahiriza kiremwa muntu n’imbabare, » niko yavuze.

Mw’itangazo ryanditswe imbere y’iyo nama, uwuserukira Israeli mu muryango mpuzamakungu Onu, Danny Danon, yegetse ubwo bwicanyi kuri Hamas – umugwi w’abagwanyi ugenzura akarere ka Gaza kari ku butaka bwa Palestine.

Prezida wa Palestine, Mahmoud Abbas yavuze ko ubutegetsi bwa Israeli bukwiye kwegekwako ubwicanyi bwo ku munsi wa Gatanu.

Ibihumbi vy’abanye Palestine batanguriye imyiyerekano izomara indwi yose ku rubibe, bise urugendo runini rwo kugaruka « Great March of Return ».

Basaba ko impunzi zemeregwa gusubira muhira iwazo, naho hakaba muri kino gihe ari muri Israeli.

Muri iyo myiyerekano, abanye Palestine bashinze ikambi zitanu hafi y’urubibe, kuva Beit Hanoun mu buraruko gushika Rafah hafi y’urubibe rwa Misiri.

Igisirikare ca Israeli kigenzura urubibe rwa Gaza, congereje inteko zaco kubera iyo myiyerekano.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’ico gihugu n’amakungu yavuze ko abo banye Palestina bagomowe « ari kurondera ingwano na Israeli » aca avuga ati « umugwi Hamas n’ayandi mashirahamwe ya Palestine niyo azobibazwa ».

Impande zose zivuga iki ku vyabaye ku wa Gatanu?

Igisirikare ca Israeli « Israel Defense Forces » (IDF) kivuga ko hari abanye Palestina 17000 mu bibanza bitanu hafi y’urubibe.

Kivuga ko caciye gikomeza igisirikare muri ako karere ka Gaza.

Naho benshi mu bari mu myiyerekano bagumye mu makambi, imigwi imwimwe y’imisore yarenze ivyo yasabwe bijanye no kutegera uruzitiro, ica ija hafi y’ibirindiro vy’abasirikare ba Israeli.

IDF ivuga ko abasirikare « barasa ku batanguje imigumuko » kugira ngo ihagarare, bitewe nuko bariko baratera ku ruzitiro amabombe ya peteroli hamwe n’amabuye.

Umuvugizi w’igisirikare avuga ko abapfuye bariko barondera kubomora uruzitiro canke kurwonona, niko ikinyamakuru Jerusalem Post kivuga.

Ubutegetsi bwa Palestinec bwo bwagiriza Israel gukoresha inguvu nyinshi.

Ibiduga vy’ingwano hamwe n’abasirikare bazi gutumbereza bari bagomowe, bikavugwa ko na « drone » yakoreshejwe gusuka ivyuka vya gazi niburiburi mu kibanza kimwe.

Uwuserukira Onu muri Palestine, Riyad Mansour yabwiye akanama kajejwe umutekano ko abanye Palestina barenga 1400 b’abasivile bakomeretese.