Muzinda : Abantu bane bapfuye basomye nturi

Abantu batanu bagizwe n’umugore umwe, abana babiri hamwe n’abagabo babiri nibo batwawe n’uruzi Muzazi ruri muri zone Muzinda, komine Rugazi. Aho ni mu gihe bariko bagerageza kujabuka urwo ruzi.

Abo bantu batwawe n’uruzi kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 31 Ntwarante 2018, nk’igihe c’isaha icenda z’umuhingamo, bakaba bariko bagerageza kujabuka kugira baje i Mubimbi.

Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko mu bikorwa vy’ubutabazi, batoye ibiziga vya bane muri abo basomye nturi, umwana umwe nawe muribo akaba yaburiwe irengero.