Botswana : Igihugu kiramutswa uwahora ari icegera c’umukuru w’igihugu.

Igihugu ca Botswana kiramutswa umukuru w’igihugu mushasha, Mokgweetsi Masisi , kuva kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2018.

Umukuru w’igihugu Mokgweetsi Masisi , asubiriye Ian Khama , yatanze imihoho kuwa gatandatu igenekerezo rya 31 Ndamukiza 2018, inyuma y’imyaka 10 arongoye igihugu.

Ibirori vyo kurahiza umukuru w’igihugu mushasha wa Botswana,ari nawe yahora ari icegera c’umukuru w’igihugu, vyabaye kur’uyu w’Imana, i Gaborone, ku murwa mukuru w’igihugu.

Ivyo birori vyaranzwe n’imvyino n’intambo ndangakaranga, nayo umukuru w’igihugu Mokgweetsi Masisi akaba yarahiranye iteka ryinshi mu gihe igihugu ca Botswana cari gisubiye kwereka amakungu ko ubutegetsi bushobora guhererekanwa mu buryo busanzwe no mu mahoro.

Amatora y’umukuru w’igihugu, ategekanijwe mu mwaka uza wa 2019, muri ico gihugu ca Botswana.

Abatavuga rumwe na Ian Khama, yahora arongoye igihugu ca Botswana, bamwagiriza ko yatwaza igikenye.

Publicités