Rwanda: Umutwe w’inyeshamba z’Urwanda FDLR wasubiriye gutera Urwanda

Abanyagihugu bo muri Rubavu baraye ntibuca ku munsi wa gatanu kubera aba FDLR bateye ingabo z’urwanda.

Ubuyobozi bw’Akarere ka Rubavu bwatangaje ko mw’ijoro ryakeye ryo kuwa gatandatu hari abantu bo muri FDLR barashe umunyagihugu umwe arakomereka mw’itako n’inka zitatu, muri zo zibiri zigapfa.

Aho ibi vyabereye ni mu Murenge wa Busasamana wakunze kugaragaramwo ibikorwa vy’umutekano muke mu bihe vyaheze.

Umuyobozi w’Akarere ka Rubavu, Habyarimana Gilbert, niwe yatanze ayo makuru ariko inkuru ziva mu banyagihugu, ziremeza yuko aba FDLR binjiye bavuye mugihugu ca Congo bagatera kubirindiro vyingabo z’urwanda , igitero camaze amasaha abiri kuva sasita yijoro gushika sa munani z’agatondo. Ayo makuru kandi akavuga yuko hariho abasirikare b’urwanda bahasize ubuzima n’abandi benshi bahakomerekeye.

Hari haciye imyaka myinshi uwo mutwe w’aba FDLR utagaba ibitero mbere ngo unavurwe cane nkuko vyahora muri kahise.

Publicités