Gitega-Magarama : Uwunguruza ipikipiki yarashwe n’umuporisi

Umusore azwi kw’izina rya Audace NDAYISENGA yakomerekejwe n’urusasu rw’umuporisi, muri karitiye ya Magarama, mu gisagara ca Gitega. Mu giporisi bamenyesha ko uwo musore yarashwe mu gihe yariko agerageza kwaka inkoho umuporisi yari yahagaritse ipikipiki agendesha.

Amakuru atangwa n’igiporisi c’Uburundi avuga ko abaporisi bariko barakizura babonye ipikipiki ihagaze imbere y’ubunywero bita Kwa Jeef, nk’igihe c’isaha icenda z’ijoro. Abo baporisi barafashe iyo pikipiki, umwe muribo ayitwara ahakorera igiporisi muri iyo ntara ya Gitega.

Begereye imbere gato, nk’uko bivugwa n’igiporisi, uwo Audace NDAYISENGA yashatse kwaka inkoho uwo muporisi, uwo nawe aca arasa amasasu ane, rumwe muri ayo masasu rukomeretsa ku kuguru Audace NDAYISENGA, akaba ariko avurirwa ku bitaro vy’i Gitega.

Publicités