Nigeria: Abarenga 10 bishwe Boko Haram igwana n’igisirikare muri Nigeria

Abantu barenga 10 bishwe bahitanywe n’ingwano yadutse hagati y’abagwanyi ba Boko Haram n’abasirikare b’igihugu ca Nigeria mu buraruko bw’igihugu.

Abagwanyi 18 nibo bagavye igitero ku munsi wa Mungu bakoresha abiyahuzi, ibigwanisho vyo mu bwoko bwa « mortiers » hamwe n’abagwanyi bafise inkoho, nkuko umusirikare yabwiye itororokanirizo ry’amakuru AFP.

Bateye ibigwati bibiri hamwe n’ikirindiro c’igisirikare, hafi y’igisagara ca Maiduguri, mu ntara ya Borno.

Abatabazi bavuga ko hari abanyagihugu bishwe bariko bagerageza guhunga.

Nico gitero gihitanye abantu benshi, inyuma yaho leta imenyeshereje ko iri mu biganiro n’izo ntagondwa z’aba Islamu.

Ku bw’umuvugizi w’igisirikare ca Nigeria, Col Onyema Nwachukwu, abasirikare ba leta bishe « abagwanyi batandatu, bafata abiyahuzi indwi bariko barondera kwinjira mu gisagara ca Maiduguri – ariho imigumuko yatanguriye.

Bananiwe gushika ku vyo bari bateguye, abo bagwanyi baciye batera ivyo bigwati bibiri, Bale Shuwa na Alkaranti, niko Col Nwachukwu yabandanije avuga.

Abasivile 14 hamwe n’umusirikare bishwe, abandi 83 barakomereka.

Bello Dambatto, ari mu mugwi w’abatabazi ba leta, yabwiye AFP ati: « Abaguye mu gitero bishwe bariko barahunga ingwano yari hagati y’abagwanyi n’abasirikare ba leta. »

Publicités