Yesu Kristo ashaka yuko umu Kristo wese aba agahore.

🌈YESU KRISTO ASHAKA YUKO UMUKRISTO WESE,AGIRIRA NEZA,ABENE GIHUGU MBERE NABANYAMAHANGA,KUKO TURI UMUNYU, NUMUCO W’ISI,NKUKO UMUHANUZI ZEKARIYA YA VYERETSWEđŸŒˆÂźïž

ZEKARIYA 7:8_9_10_11_12_13.

8/Maz’ijambo ry’UHORAHO riza kuri ZEKARIYA’

9/Rit’uku ni K’UHORAHO nyen’ingabo yagize,ati nimuce imanza ziroranye,umuntu wese agirire mugenzi we imbabazi n’ikigongwe.

10/Kandi mureke kurya abapfakazi n’impfuvyi n’ingenzi na ba nyarucari; ntihagire n’umwe muri mwebwe yigira imigabo mu mutima wiwe yo kugirira nabi mugenzi we.

11/Ariko banka kwumva,bantera ibitugu,biziba amatwi ngo boye kwumva.

12/Mbere bikomantaje Imitima imera nk’isare, ngo boye kwumva ivyagezwe n’amajambo UHORAHO nyen’ingabo yarungitse muri mpwemu wiwe,arayavugira mu bavugishwa nawe ba kera,ni co catumye uburake buhambaye buva K’UHORAHO Nyen’ingabo.

13/Kandi nk’ukonahamagaye bakica amatwi,ni ko nabo bazohamagara nanje nkica amatwi,ni K’UHORAHO Nyen’ingabo agize.🙏AMEN HIMBAZWA MWAMI YESU🙏