Misiri : Umukuru w’igihugu Sissi yatsindiye ikiringo ca kabiri

Nk’uko ibiharuro vyavuye muri ayo matora bivyemeza, Abdul Fattah al-Sissi umukuru w’igihugu ca Misiri yongeye gutorwa kugira atware mu kiringo ca 2 c’imyaka 4, inyuma yo gutsinda amatora ku majwi 97 kw’ijana mu matora yo mu ndwi iheze.

Donald Trump, umukuru w’igihugu ca Amerika kuri uwu wa mbere, yamuterefonye amukeza baca bemeranya ko imigenderanire igiye gukomezwa hagati y’ibihugu barongoye.

Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bavuga ko hari amajwi arenga umuriyoni yoba yatowe n’abantu batari ku ntonde z’amatora, aho ni mu gihe bemeza ko Sissi yatsinze urukombamazi.

Abanyeporitike batavuga rumwe na Reta harimwo abavuye mw’ihiganwa abandi barahagarikwa, bariko basaba ko ayo matora yohagarikwa.

Publicités