UMUTUMIRO W’AMASENGESHO YO GUSENGERA IHANGA RYABARUNDI YO KUWA 04/04/ NO KUWA 07/04/2018
Nkuko uhoraho Imana ya dutegetse ku misi ya gatatu na gatandatu (MERCREDI -SAMEDI),twama dufise amasengesho yo gusengera uburundi n’abarundi
URUFATIRO:
» Humura ejo uratabarwa » niko Uhoraho avuze. 2Abami 6:24-25;
2Abami 7:1-2 na Yohana 11:4;40
IVYOMPWEMU AHISHURA
Mwiyi misi haragaragara ko mu Burundi, abarundi hari ibibazo bitandukanye: ubukene, inzara, ivyaha bitandukanye, ibiza bihitana abantu benshi, urwanko , ishari n’urwikekwe mubantu.
Ariko uwizeye agiye kubona ikiganza c’Imana. Ejo kumugororotsi n’uwizeye ni heza.
Rero uwusenga Imana wese yizere ko iriho , ishoboye kandi ko igiye gushitsa.
IMITWARO:
-Ihanga ry’Imana n’abarigize bose.
-Uburundi bw’Isezerano;
– Impunzi zijuragirika irya n’ino,
-Impfuvyi n’abapfakazi,
– Abarwaye n’abapfunzwe,
– Abugarijwe n’ubukene n’abashonje.
-Abatuntujwe n’akarenganyo, umutekano muke n’ukwihebura.
IVYIBUKIJWE:
Buri muntu wese asabe ingabire yo kwizera no kunesha icaha kugira ngo azobone ubwiza bw’Imana.
Tubaye turabashimira kukigoro muzogira mukwitabira ayamasengesho no kuyarararikira abandi.
Ni dusangwe IMANA UBURUNDI N’ISEZERANO
Bigiriwe I Bujumbura le 03/04/2018
htt//:www.abisezerano.com