Zebiya Ngendakumana: Umwigeme afise abamuyoboka, hokogwa iki ngo batunganirizwe!

Inama nkuru y’umutekano mu Burundi imenyesha ko Zebiya, umwigeme avuga ko abonekerwa, n’abayoboke biwe bategerezwa gufatwa nk’abagumutsi kuko badakurikiza amategeko.

Abantu indwi baritavye Imana mu mishamirano yabaye hagati y’abayoboke b’uwo mwigeme n’igipolisi iheze i Businde mu ntara ya kayanza.

Abandi mirongo itatu n’umunani barishwe n’igisirikare ca Congo hanyuma ishirahamwe mpuzamakungu ONU ribimurira mugihugu c’Urwanda aho bashobora kuronka umutekano.

Igihugu c’Urwanda ubwaco gifatanije n’ishirahamwe mpuza makungu onu vyahisemwo kubasubiza mugihugu c’Uburundi aho bahunze bava.

Abantu benshi bagereranya abayoboke ba Zebiya Ngendakumana umwigeme avuga ko abonekerwa na Bikira Mariya, n’ingabo zitagira umutware.

Biravugwa yuko Zebiya n’abayoboke biwe biyadukije mu gushinga ishengero ritemewe n’amategeko ngo kuko Ekleziya Gatolika yaramwihakanye.

Zebiya rero n’abamuyoboka ngo bafatwa nk’abagumutsi.

Abantu baraherekanya amajambo ngo abayoboke ba Zebiya n’intagondwa ngo kuko Zebiya n’abayoboke biwe ntibubahiriza amategeko ya Ekleziya n’ay’igihugu, babahanura yuko boreka kuza baraja gusengera mu kibanza c’i Businde nk’uko bahora babigira itariki cumi na zibiri buri kwezi.

Abarongoye diyoceze ya Ngozi, ako gace gakukira, bavuga ko ata na kimwe cemeza ko aho hantu ari heranda.

Mugabo ikibazo nyamukuru si ico.

1.Ni ibiki bituma amaleta na ekleziya katolika biterekwa Zebiya n’abayoboke biwe?

2. Ni kubera iki abantu ibihumbi n’ibihumbi bemera inyigisho ziwe harimwo n’incabwenge?

3. Ni igiki cokogwa kugirango abo bana b’ uburundi bareke kwicwa no gutereranwa nkabatagira intumbero?

Ivyo nivyo bibazo abarundi bakeneyeko inyishu aho kubandanya binuba uyo mwigeme n’abamuyoboka.

Publicités