Abarundi batari bake bariyahura abandi bagahunga igihugu baja kurondera ubuzima

Haraheze iminsi tubona anantu biyahura bimanitse n’abandi bagwiriyemwo abakenyezi bijukiye kuja mubihugu vyo hanze bavuga yuko bagiye kurondera ubuzima. Uwo mugwi wa kabiri wama wafashwe n’igipolisi benshi baba bagiye mu gihugu ca Omani naho bazi yuko bashitseyo badafatwa neza. Hari n’abandi baja mubindi bihugu , ariko abavyiyumvira nabo ni benshi cane. Hari abotubwira ibituma. Ibintu bibabaje gusumba ibintu ni abiyahura mbere bkanahitana uruvyaro rwabo. Akarorero ni akuwo mugabo yitwa ndoreraho Xavier wo k’umutumba rwibikara amaze imyaka 34 yaraye akoz’ibara yariyahuye yikurikiza abana biwe 3 yarahejeje kwica. Umwe yitwa nizeyimanaans,nishemezwe hyancenthe imyaka 8, na Siméon umwaka n’igice ,umugore yari buje ni ukuvuga ukwahukana vyagateganyo. Ikintu nkico kirakwiriye ubushakashatsi kugira ngo bimenyekane imvo ibara nkiryo rishika maze abandi bagashobora gukingigwa atari ukuvuga ngo ni agashishure canke ibi na biriya.