Ndabaramukije amahoro y’Imana nëzä bene Data bakundwa dusangiye urugendo ruja mw’Ijuru.
✍🏻Umw’umwe wese muri twebwe nabwire umugororotsi aho yomubona hoooooose, kw’azomererwa neeeeeeeza, kukw’azotungwa n’ivy’ibikorwa vyiwe vyamuje.
(Yesaya 3:10)
-Na wewe nyene, nimba uri umugororotsi,
-Nimba wumva m’umutima wawe ata jwi rikwagiriza ikibi canke rigutsinda ku caha kanaka,
-Nimba wumv’ushimwa n’Imana hejuru y’ivyo ukaba ufitaniye amahoro n’abantu bose,
-Nimba wisuzumye usanga ubugingo bwawe bwejejwe,…
✍🏻Shimira Imana yawe, uc’ubwira umutima wawe k’uzomererwa nëëëzäää, kuk’uzobaho amahoro, ni wizigamira muri ubwo buntu bw’Imana uhagazemwo, ntubuvemwo �.
(Zaburi 37:3-5)
*-Umunyavyaha azobona ibara! Azomererwa nabi,kuko azogererwa ingero y’ivyo amaboko yiwe yakoze.*
(Yesaya 3:11)
✍🏻Bene Data, UMUNYAVYAHA arahumiiiiiiwe cane niyo atihana ngw’ave mu vyaha vyiwe vyose kuko: IMBERE YIWE NI HABI CANE,
👉�IHEREZO RYIWE RY’IBIHE BIDASHIRA NI RIIIIIIIBIIIIIII‼️
*⏩Nah’umunyavyaha yokor’ikibi ibihetangabo ijana, akaramba cane, yamara ndazi kw’abubaha Imana ari bo bazob’amahoro, abayubaha bari mu nyonga zayo;*
(Umusiguzi 8:12)
*⏩Ariko nta mahoro azoba k’umunyakibi, kand’imisi yiwe ntazoyirambiramwo, imeze nk’igitutu; kukw’atubaha Imana ari mu nyonga zayo.*
(Umusiguzi 8:13)
✍🏻Imana Data, mw’ijambo ryayo Iratwereka ingene kuva këra abanyavyaha bagiye bahanwa, Itaravye ubwinshi bwabo kuko yo ntikina, ntifyina, ntizäga:
*1.Igihe ca Nowa, (Itanguriro 6:7);*
👉�Kubw’ivyaha, abanyavyaha bose b’ico gihe bararanduwe n’umwuzure kiretse abantu ndwi(7) bari kumwe na Nowa‼️
(Itang.7:23; 2Pet.2:5)
*2.Sodomu na Gomora vyararanduwe kubw’ubuhumvyi ndengakamere*
(muri Yuda 1:7, havuga ngo « kubw’ukwendana », homosexualité), kiretse Loti n’abakobwa biwe.
(Itang.18:20-21),
(Itang.19:5),
(Abaroma 1:27),
*3.Abisirayeli batizeye Imana m’ubugaragwa barahoneye m’ubugaragwa:*
(Guh.14:11, 29-30).
*✍🏻Ndafise ubwoooba bwiiiiiiiiiiinshi ko hohava hagira uwusamara akishinga kwiyorohereza kur’utu na turiya, ng’utu ntaco dutwaye, 👉oyaaa mugenzi tureke harya tuba tugitwaye�, niwanke urunuka icaha, ntibizotume uhanwa, ntuzohave wisanga m’umurwi w’abanyavyaha, ntuzobone ibara, ukaziiiiiiicuuuuuza, ukaborooooooga igihe co kwihana cararangiye😭‼️*
*⏩Mugenzi wanje, ingo dukizwe nëëëzäää mwene Data, tutozohava dusanga duhananywe n’abandi!*
*✍🏻Yesu adufashe.*