Ubuzima bwa Sipiriyano NTARYAMIRA akwije imyaka 24 yitavye Imana

Imyaka 24 irarumanye kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2018 umuhisi Sipriyano Ntaryamira, umukuru w’igihugu c’Uburundi asandavye mu mpanuka y’indege, inyuma y’amezi abiri gusa asubiriye Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yagandaguwe yari aheruka kwitorerwa n’abanyagihugu biciye mu nzira y’intwaro rusangi. Iragi abarundi bibukirako Ntaryamira Sipiriyano ni « Discipline muri vyose ».

Umukuru w’igihugu Sipiriyano Ntaryamira yagandaguwe mu kiringo kitarenze amezi atanu gusa, inyuma y’urupfu rw’uwo yari ahejeje gusubirira Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu biciye mu nzira y’intwaro rusangi, n’aho atagize amahirwe yo gutwara, kuko yaciye agandagurwa ubutarariye.

Ibirori vyo kwibuka uwo mukuru w’igihugu, Sipiriyano Ntaryamira yatwaye Uburundi amezi abiri gusa vyatangujwe kuri uwu wa gatanu n’inkuka y’imisa y’ukumwibuka n’ukumusabira, bikaba bica bibandaniriza ku ntatemwa yiwe, aho bitegekanijwe ko abategetsi b’igihugu bahava baja kumwunamira, bongere bashire ingori z’amashurwe ku mva yiwe.

Sipiriyano Ntaryamira ni nde ? Yaranzwe n’iki ?

Umukuru w’igihugu Sipiriyano Ntaryamira yari umuntu w’umwizigirwa, yakunda abantu, agakora cane, kandi yicisha bugufi. Yasize umutambukanyi n’abana batatu.

Ntaryamira Sipiriyano yavutse kuwa 6 Ntwarante 1955, ku musozi Gitwe, zone Mageyo, komine Mubimbi, mu ntara ya Bujumbura benshi bakunda kwita Bujumbura Rural. Yize amashure y’intango i Rushubi gushika mu mwaka w’1968, aca abandaniriza ayisumbuye mu gisagara ca Bujumbura kw’ishure ryitiriwe Mutima Mweranda (Collège du Saint-Esprit).

Mu mwaka w’1972 yaciye ahungira mu Rwanda kubera amagume yari ateye mu Burundi, akaba ari naho yabandanirije amashure mu gisata c’ubuhinga kw’ishure rya Rilima i Kigali. Inyuma y’aho, yabandanirije kuri kaminuza nkuru y’Urwanda, aho yakuye urupapuro rw’umutsindo mu gisata c’uburimyi mu mwaka w’1982.

Kumwe na bagenzi we b’abarundi bari kumwe mu mashure aho mu Rwanda, baciye bashinga umuhari BAMPERE, igisata ca MEPROBA yari ifise icicaro i Buruseri mu Buburigi, aho Ntaryamira akaba yari ashinzwe gutanga amakuru. Muri Kigarama 1979, yatanguje umugambwe w’abakozi (UBU), ari kumwe na Salvator Buyagu, Merikiyori Ndadaye, Jerome Ndiho, Festus Ntanyungu, Jean Ndikumana, Sylvestre Ntibantunganya hamwe n’abandi. Aho naho yari ajejwe kwigisha no gukundisha uwo mugambwe.

Muri Ntwarante 1983, niho yatahuka mu Burundi, aca agenwa kuba umuhanuzi mu buyobozi bukuru bushinzwe gutunganya ivy’uburimyi. Muri Nzero 1984 yaciye agenwa kurongora akarere karimwo ipampa mu buraruko, mw’ishirahamwe COGERCO.

Muri Rusama 1985, ibikorwa vyiwe vya poritike vyaraburabujwe, gushika aho yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba, amarayo umwaka wose, ku mvo za poritike, mukamenya ko muri uwo mwaka wose atigeze aburana na rimwe. Yatawe mu mvuto yagirizwa kuba arongoye urunani rw’abarwanya ubutegetsi mu buryo butemewe n’amategeko, ku ntwaro y’umukuru w’igihugu Bagaza Jean Baptiste itavyihanganira na gato. Mbere bavuga ko yoba yarekuwe bisabwe n’umupfasoni w’umukuru w’igihugu Bagaza, uwo nawe akaba yari umugenzi somambike wa Ntaryamira bakiri abana.

Agisohoka ibohero rikuru rya Mpimba, yaciye ashinga mu kinyegero umugambwe SAHWANYA-FRODEBU watangujwe na Sipiriyano Ntaryamira, Melchior Ndadaye hamwe na Léonard Nyangoma, muri Myandagaro mu mwaka w’1986 i Gitega.

Inyuma yo kuba umuyobozi mukuru w’uburimyi n’ubworozi kuva muri Kigarama 1987, Sipiriyano Ntaryamira yagizwe umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi muri Mukakaro 1993 ku ntwaro ya Melchior Ndadaye, umukuru w’igihugu wa mbere yitorewe n’abanyagihugu.

Inzego zimaze gusenyurwa, uwo mukuru w’igihugu Ndadaye akagandagurwa co kimwe n’umukuru w’Inama nshingamateka, hamwe n’icegera ciwe, Sipriyano Ntaryamira yahavuye aba umukuru w’igihugu kuva kuwa 5 Ruhuhuma 1994, inyuma y’ibiganiro vyamaze umwanya munini. Agishikira ubutegetsi, yaciye agena Anatole Kanyenkiko kugira amubere umushikiranganji wa mbere.

Mu bijanye n’imigenderanire, Ntaryamira yari ashigikiwe cane n’ibihugu bibanyi nka Tanzaniya na Zayire, aho yabonanye n’abakuru b’ivyo bihugu, aho twovuga nk’umukuru w’igihugu Mwinyi bahuriye i Kigoma, na Mobutu i Gbadolite, barabira hamwe ukuntu mu Burundi hogaruka amahoro n’umutekano.

Sipiriyano Ntaryamira yitavye Imana ahitanywe n’isanganya ry’indege kuwa 6 Ndamukiza 1994, i Kanombe mu gihugu c’Urwanda, akaba yari avuye kubonana na bagenziwe bo mu karere, ku kibazo c’amahoro n’umutekano mu Burundi.