’’Abagirizwa ubwicanyi bw’1972 bategerezwa kurenguka imbere y’ubutungane’’

Ihuriro ry’abacitse kw’icumu, impfumvyi hamwe n’abakozweko n’ubwicanyi bwo mu mwaka wa 1972, rimenyesha ko abagirizwa ubwo bwicanyi bategerezwa kurengutswa imbere y’ubutungane. Francois Xavier NSABIMANA, arongoye iryo huriro avuga ko abakozweko n’izo ngorane, impfuyi n’abapfakazi bagiye kwihweza uko bofashwa.

Mu gihe kur’uno wa kane igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2018 hibukwa imyaka 46 iheze habaye ubwicanyi bw’abahutu, Francois Xavier NSABIMANA yavuze ko abahutu 300.000 aribo boba barishwe na cane cane, mu ntara za Ngozi, Kirundo hamwe n’igisagara ca Bujumbura.

Francois Xavier NSABIMANA,yavuze ko mw’ihuriro aserukira bihaye umugambi wo kutabandanya bahoze imbere y’ayo mabi yakorewe abahutu, ndetse hakaboneka uburenganzira bwo kwibuka abahutu bagandaguwe.

Umukuru w’ihuriro ry’abacitse kw’icumu mu bwicanyi bwo mu mwaka wa 1972, avuga kandi ko hagiye kwubakwa ivyibutso mu ntara zose, ariko icihutiwe kiriko cubakwa mu ntara ya Gitega I Nyambeho.

Francois Xavier NSABIMANA, amenyesha ko ikindi cibutso kizokwubakwa muri Buterere, mu gisagara ca Bujumbura.

Publicités