’’Tuzokwama tuzirikana iragi ryiwe’’-Petero NKURUNZIZA

Uburundi bwibutse imyaka 24 iheze umukuru w’igihugu Cyprien NTARYAMIRA yitavye Imana. Ibirori vyatangujwe n’imisa yasomwe na Musenyeri mukuru wa Diyoseze Bujumbura Evariste NGOYAGOYE, muri Cathedrale Regina Mundi. Umukuru w’igihugu, icegera ciwe ca mbere, abashingamateka, abashikiranganji n’intwazangabo mu gisirikare n’igiporisi bari bitavye ibirori.

Umukuru w’igihugu Cyprien NTARYAMIRA yitavye Imana kw’igenekerezo rya 6 Ndamukiza 1994, mw’isanganya ry’indege ryabereye hejuru y’ikibuga c’indege c’i Kanombe mu gihugu c’Urwanda, ari kumwe n’abashikiranganji babiri, uwo kumenyesha amakuru n’uwo iterambere ry’amakomine.

Kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 6 Ndamukiza 2018, inyuma y’imyaka 24 iheze umukuru w’igihugu Cyprien NTARYAMIRA yitavye Imana, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero NKURUNZIZA, abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter amenyesha ko bitebe bitebuke, ukuri kuzoja ahabona, abakoze ubwo bwicanyi babihanirwe.

Ati : « Uyu musi imyaka mirongo ibiri n’ine irarangiye Abarundi bahekuwe Umukuru w’igihugu Cyprien Ntaryamira n’abashikiranganji babiri bari kumwe. Tuzokwama tuzirikana iragi ryiwe. Bitebe bitebuke ukuri kuzoja ahabona kugira ngo abakoze ubwo bubisha babihanirwe. »

Cyprien NTARYAMIRA yari yize ibijanye n’uburimyi mu gihugu c’Urwanda, imbere y’uko atahuka mu Burundi akazezwa amabanga mu gisata c’uburimyi, gushika aho aba umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi, imbere y’uko aba umukuru w’igihugu.

Publicités