Natumwe n’Imana kuri wewe ngo nguhe ubuhanuzi bwo kwihana. Yesu yaguhaye akajwi keza cane n’ingabire zidasanzwe uzikoresha mukuririmbira isi, unezereza abantu bapfa, abakobwa, abatware b’iyi si, ukorera ibihera vy’amafaranga n’umunezero uhera! Uhoraho ati: Reka kuririmbira Satani, niwe yagabiwe iyi si, abana b’Imana barazwe ijuru! Sinzi uko nobikumvisha ngo unyumve. Nkwandikiye mu rukundo, n’ukuri. Atari Imana, ibi sinovyubahutse kubibwira umu « star » tutazinanyi. Wipfuze kwitwa umwana w’Imana yatubambiwe, yaje ava mw’ijuru tutabisengeye, agasesa amaraso kubwacu ngo adukize icaha izindi mana n’abahanuzi ba kera batadukijije bitavuye kugisida nka babandi bandi twita incungu, ariko bivuye kurukundo yadukunze. Kubw’ivyo, ndakwinginze, va mu tugwi dukorera ama sifa, warayahaze, ureke kuririmbira Satani. Ntaco azoguhemba na kimwe kindi atari ivyago bidahera. Nyuma yo kuborerwa iminezero iva mu busambanyi, amahera, n’amasifa, azoguhemba umuriro udashira. Yesu ntawomurwanya ngo amushobore, n’umugabo, shaaa! Raba nta numwe no mubarongoye isi, no muba pfumu na ba kamenyi bo mw’isi yose azi igihe azopfira canke ngo amenye aho azoja amaze gupfa. Mu mva n’abasazi baba batekereje. Uri abakozi b’Imana nzima, uri aba freemasons, uri abahinga b’aba « prix Nobel », uri abami n’abatunzi, aba « miss », abakinzi, intwari, incungu, ababi n’abeza, ba N »yenubweranda » bo mw’isi, ba nyakubahwa, ba Révérend…na je ubwanje (ninagerayo) mu mva banganya gutekereza ! Aba stars, « celebs » in music, …baba bameze gute? Ihane, niko Uhoraho avuze, araje vuba. Ndakubariye nti: Vuba, araje guhemba no guhana. Uhgurura umuryango yinjire. Yarababajwe cane n’ivyo ukora, sinobivuga ndya umunwa ngo ndabizire. Mbivuze nanje nikiza. Ni umunyembabazi, arakwakira ni wugurura umutima wawe, ntube nka wa mutunzi w’igipfu. Soma Matayo 22:1-22 na 2 Korinto 3:1-18 hama uhezagirwe. Amen
Umve kandi, bakundwa. Uhoraho ati : Hagarika inkino z’imipira mu maguru masha mukire ukuraguza, gusenga ibigirwamana hamwe n’ubwibone bw’agahebuza buvuye kuri uyo muco utava ku Mana. Iyi ni imburi mpawe ngo mbahe vyihuta wovyemera woreka. Uwemejwe abishire mu zindi ndimi vuba. Hari ico Imana ije kwikorera vuba. Barundi muvyumve ntimugamike izosi. Hako mutavyumva nobura mva muri iyi si ndangije neza urugendo rwanje. Ntimuvuge ngo umupira ukinwa na benshi, Imana si iy’igugu ry’abantu ni iyabaykunda. Ivuga ngo » Nkunda aba nkunda… ». Kandi kera isi yose yayihonereje mu mazi isigaza Nowa n’abiwe gusa ! ! ! ! ! Yarangije Sodomu na Gomora isigaza Loti umugororotsi yigisha ijambo ry’Imana. Ntihindagurika nk’abana n’abantu. Hindukira rero utarinz gukora ibiharuro vy’abantu. Simbabesha, hari ico agira yikorere, Yesu. Araje. Ntimuzogire ngo iyo menya. Ngarutse nzobayagira ingene umupira wadutse mw’isi n’impamvu amareta y’ibihugu biteye imbere abishiramwo ama miriyaridi ngo igori ryinjire kuruta uko bashira uburyo mu guteza imbere amabarabara y’ibihugu bitaratera imbere. Muhezagirwe.