Israel-Syria: Siriya yagirije isirayeli yuko yateye kubasirikare bayo.

Siriya hamwe n’igihugu bicuditse c’Uburusiya bagirije igihugu ca Israeli kugaba ibitero vya « missile » ku kirindiro c’indege z’ingwano ca Siriya, bikaba vyatumye abantu bapfa.

Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburusiya yavuze ko indege z’ingwano zibiri za Israeli zarashe ikirindiro T-4 mw’ijoro zitarinze kwinjira mu kirere ca Siriya.

Nkuko busanzwe bubikora, ubutegetsi bwa Israeli ntibwashatse kugira ico bubivugako.

Umugwi ukurikirana ibibera muri Siriya uvuga ko abagwanyi 14 bishwe, hamwe n’abasirikare ba Siriya n’aba Irani.

Ivyo bibaye mu gihe amakungu atera akamo ku gitero cikekwa ko cakoreshejwemwo ubumara, ku gisagara kiri mu minwe y’inyeshamba.

Ibihugu vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika hamwe n’Ubufaransa bikaba vyaragabishije ko bizokwihora.

Prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko ico gitero c’ubumara cagabwe ku gisagara ca Douma muri Ghouta yo mu buseruko kizokwishuzwa vy’akarorero.

Yavuze ko Prezida wa Siriya Bashar al-Assad ari « igikoko ».

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’amakungu Sergei Lavrov yavuze ko ibirego kuri Bwana Assad ku bijanye n’ico gitero ari « agasomborotso ».

Moscou ishigikiye « amatohoza y’ukuri » ku vyabaye ariko ikiyamiriza uguta umwikomo ku bantu ata vyemezo, niko yabandanije avuga.

Publicités