Ngozi : Abantu bane barapfuye batwawe n’uruzi,uwundi apfa yiyahuye

Abantu batanu nibo bitavye Imana kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 7 Ndamukiza 2018, ku mutumba Gatsinda, komine Mwumba,intara ya Ngozi, batwawe n’uruzi igihe bari bavuye gusoroma imyumbati.

Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko, bane ba mbere bitavye Imana ni MANARIYO Euprasie, TUYISENGE Aline, BUCUMI Godeliève na BIZIMANA Méthode, bitavye Imana batwawe n’uruzi Akanyaru.

Ayo makuru nyene, amenyesha ko babiri muri abo batwawe n’uruzi,batowe ibiziga, mu gihe umwe azwi kw’izina rya GIRUKWISHAKA Apollinaire wewe bashoboye kumukura mu ruzi agikomeye.

Uwa gatanu yitavye Imana, nk’uko amakuru dukesha Pierre NKURIKIYE, avugira ubushikiranganji bw’umutekano abimenyesha, ni umutama azwi kw’izina rya SEGANZA Pierre amaze kwumva ko muri abo bitavye Imana batwawe n’uruzi harimwo umukenyezi wiwe n’abana babiri nawe yaciye yiyahura akoresheje umugozi.