Uburimyi: ’’Itoni 18232 z’umwavu w’ikizungu ziramaze gutangwa ku barimyi.’’-Deo Guide RUREMA

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA amenyesha ko mu mezi atatu ya mbere y’umwaka wa 2018, ihangiro bari bihaye barishitseko ku rugero rushimishije. Avuga ko itoni zirenga 18000 z’amase y’ikizungu arizo zatanzwe mu gihugu, ku giciro kitavuna.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2018, umushikiranganje Deo Guide RUREMA amenyesha ko mu mezi atatu ya mbere y’umwaka wa 2018, ibikorwa vyashingiye ku gutwara neza no gutunganya neza ubushikiranganji, kwongereza umwimbu mu bworozi, mu burimyi no mu gisata c’amafi,guteza imbere ubushakashatsi bufatiye ku biterwa n’ubworozi, hamwe no guteza imbere ubuhinga bwo guhingura no kubika umwimbu.

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi avuga ko mu gisata co gutwara neza no kwongereza umwimbu mu burimyi n’ubworozi, hakozwe ibitari bike vyatumye umwimbu wiyongera gushika ku rugero rushimishije, harimwo gutanga umwavu w’ikizungu n’ishwagara.

« Twarahimirije abanyagihugu gukoresha imbuto zirobanuye n’ifumbire y’ikizungu. Itoni 18232 yaramaze gutangwa, twaratanze kandi ku banyagihugu, itoni 2893 z’ishwagara, ku giciro kitavuna. »

Mu bijanye no guteza imbere ubushakashatsi mu burimyi n’ubworozi, umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA asigura ko ico gisata kigeze ku rugero rushimishije gushika ku mezi atatu ya mbere y’umwaka, kuko ikigo kijejwe ubushakashatsi ISABU gishikanye ibice 21 kw’ijana mu vyo gisabwa gukora ku mwaka.

Mu gisata co guteza imbere ubuhinga bwo guhingura no kubika umwimbu, umushikiranganji Deo Guide RUREMA , avuga ko ubuhinga butatu bumaze gushirwaho, ubwo nabwo bukaba bushingiye ku bijumbu, imyumbati hamwe n’ibitoki.

Publicités