Abacamanza babiri ba Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro barahiye imbere y’umukuru w’igihugu

Abacamanza babiri bashasha ba Sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro ry’Uburundi batanguye amabanga kuri uwu wa gatatu, aho akaba ari inyuma y’aho barahiye imbere y’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA.

Muri ivyo birori vy’ukurahira icese, abo bacamanza biyemeje kwubahiriza ibwirizwa shingiro ry’Uburundi, ubumwe bw’abarundi, hamwe n’ukugumya ibanga ry’akazi.

Abo bacamanza babiri barahiye imbere y’umukuru w’igihugu ni Kabura Léopold hamwe na Nkeshimana Grégoire.

Publicités