Abantu 21 bari bafashwe n’iperereza mu Carama barekuwe

Abantu 21 barimwo intwazangabo zo mu gisirikare n’igiporisi vy’Uburundi bari bafashwe n’abajejwe umutekano bagirizwa ko bari mu nama y’uguhungabanya umutekano w’igihugu barekuwe ku mugoroba wo kuri uwu wa kabiri.

Muri abo bari bafashwe harimwo kandi na Gilbert NYAWAKIRA, umukuru wa w’urunani rw’amasendika y’abakozi mu Burundi (CSB : Confédération Syndical du Burundi).

Abafashwe bumvirijwe mw’igendereza ry’Uburundi, ariko ababumvirije bakaba basanze ivyo bagirizwa bidafise ishingiro, nk’uko vyemezwa na bamwe muribo. Abegereye abafashwe bemeza ko bari aho basanzwe bahora bakinira urukino rwa « Ping Pong », bakaba mbere bari basanzwe bahurikiye mw’ishirahamwe rimwe ry’urwo rukino.

Abo bantu bari bafatiwe mu nzu iri muri karitiye ya Carama, zone Kinama, mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, abanyagihugu akaba aribo batabaje abajejwe umutekano.

Abari bafashwe bose uko ari 21 barekuwe.

Publicités