Uburundi bubandanya kuvuga ko butemera itorwa rya Martin NGOGA wo mu Rwanda

Ubushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko bumenyesha ko gushika n’ubu igihugu c’Uburundi kitemera itorwa ry’umukuru w’inama nshingamateka y’uwo muryango Martin NGOGA, naho abashingamateka b’Uburundi bahora bitaba inama n’ibikorwa vy’uwo muryango.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2018 ariko ashikiriza ivyaranguwe n’ubushikiranganni bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirirka y’Ubuseruko, umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yamenyesheje ko abashingamateka b’Uburundi bitaba inama z’uwo muryango kuko batipfuza ko ibikorwa bihagarara.

Umushikiranganji Isabelle NDAHAYO yamenyesheje ko n’ubu bakirindiriye ibizova muri sentare ya Afrika y’Ubuseruko ku bijanye n’urubanza bayishikirije rujanye n’uko batemera itorwa rya Martin NGOGA.

Isabelle NDAHAYO yashikriije ko ivyaranguwe n’ubwo bushikiranganji bujejwe iyinjira ry’Uburundi mu muryango wa Afirika y’Ubuseruko mu mezi atatu aheze y’uwu mwaka wa 2018, hariho itunganywa ry’inganda zo guhahana amakuru n’ivyiyumviro ku bijanye n’imigabo n’imigambi y’umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko hamwe no kwishikira ku kivi mu ntumbero yo kwibonera imbonankubone ingene ibikorwa vy’ikigo mpuzamipaka rusangi c’i Kobero i Muyinga biriko biragenda.

Ibindi vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji muri aya mezi atatu aheze y’uwu mwaka wa 2018 ni gukurikiranira hafi ibijanye no guteza imbere hamwe no gushira mu ngiro amategeko agenga umuryango w’ibihugu bigize Afrika y’Ubuseruko.