Umwungere wa Ekreziya katorika Fransisiko amenyesha ko yemera ko yavyifashemwo ukutarikwo, ku bijanye n’ikibazo c’umupatiri wo mu gihugu ca Chili yagirizwa ibikorwa vy’ubusambanyi.
Nk’uko tubikesha iradiyo Ijwi rya Amerika ,mu rwandiko Papa Fransisiko yarungikiye abungere ba Ekereziya bo mu gihugu ca Chili, yamenyesheje ko ababajwe cane n’imyifato yagize kubijanye n’ico kibazo.
Ayo makuru nyene, abandanya avuga ko Papa agiye gutunganya inama mu ndwi zibiri ziri mbere kugira baganire kuri ico kibazo.
Uwo mukuru wa Ekreziya Katorika yaboneyeho akaryo ko gutumira abantu bakorewe ayo mabi ajanye n’ubusambanyi gushika i Roma mu gihugu c’Ubutariyano kugira abasabe ikigongwe amaso mu yandi.
Umwungere wa Ekreziya Katorika Papa Fransisiko ntiyigeze yemera ivyashikirijwe n’abantu bavuga ko basambanijwe n’umwepisikopi yitwa Juan Barros mu gihe yari mu rugendo mu gihugu ca Chili mu kwezi kwa Nzero uyu mwaka wa 2018.