Ikibazo c’amafaranga y’agaciro caragarutse mu vyabajijwe icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu

Bamwe mu bashingamateka n’abakenguzamateka basaba ko ikibazo c’amafaranga y’agaciro cibonekeza mu gihugu cotorerwa inyishu, kuko ikena ry’ayo mafaranga rituma habura ibintu vyinshi mu gihugu.

Ivyo babishikirije ku munsi wa gatatu uheze igenekerezo rya 11 Ndamukiza 2018, igihe icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yashikiriza abatowe n’abanyagihugu ibikorwa vyaranguwe n’ubushikiranganji 12 bwegukira ibiro vyiwe mu gice ca kabiri c’umwaka wa 2017.

Umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi Pascal NYABENDA naho yamenyesheje ko ikibazo c’amafaranga y’agaciro kiri no mu bindi bihugu atari mu Burundi gusa, yashimye kubaza namba ata biterwa vyokorwako ubushakashatsi kugira bishorwe hanze bishobore kuzana amafaranga y’agaciro.

Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA yerekanye amakenga yiwe ko mu gihe ikibazo c’amafaranga y’agaciro kitatorewe umuti vuba, gituma habura ibintu vyinshi mu gihugu.

Kurivyo bibazo, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yishuye ati : “Bimwe mu biriko birakorwa mu ntumbero yo gutorera inyishu ikena ry’amafaranga y’agaciro hari ubushakashatsi buriko burakorwa ku biterwa vyoshobora gushorerwa hanze kugira bifashe mu kuzana ayo mafaranga mu gihugu, nk’uko bisanzwe biri ku biterwa vy’icayi n’ikawa.”

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s