Carama : Abana babiri bapfuye batwawe n’isegenya

Abana babiri nibo bitavye Imana batwawe n’umuvo muri quartier ya Carama, zone Kinama, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura, ku mugoroba wo kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018.

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE, amenyesha ko abo bana bitavye Imana, mu mvura nyinshi yaguye mu masaha y’umugoroba.

Pierre NKURIKIYE avuga kandi ko abo bana bari basanzwe biga kw’ishuri Source du Savoir riri aho muri Quartier ya Carama, bakaba bariko bataha muri quartier ya Gatunguru.

Amakuru ava mu begereye muri quartier ya Carama, amenyesha ko hoba hari n’abandi bana bari batwawe n’umuvo, ariko barokotse.

Publicités