Igikorwa c’inama nshingamateka cahagaritswe n’umushingamateka ayoboka RWASA yakubiswe

Umushingamateka wo mu runani rw’abigenga « AMIZERO Y’ABARUNDI » ruyobowe na Rwasa Agathon yakubiswe n’abantu yita Imbonerakure z’umugambwe CNDD FDD bamusanze muri karitiye Ruziba, zone Kanyosha, mu gisagara ca Bujumbura, aho yari yagiye gutabariza abanyagihugu bakubiswe n’imisore y’Imbonerakure za CNDD FDD. Ivyo vyabaye vyatumye abo bashingamateka bayoboka RWASA batitaba ibikorwa vyo kuri uwu gatanu, mbere hakaba hari n’itegeko ritatowe kubera igitigiri c’abashingamateka kitakwiye mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe.

Intango ya vyose, ni imishamirano yabaye mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, ku rugo rw’uwitwa Felicien NIMBONA, umunyagihugu w’aho mu Kizingwe, zone Ruziba avuga ko yakubiswe n’abasore bane yita Imbonerakure za CNDD FDD zamusanze ku rugo iwe.

« Muma saha indwi baje ku rugo iwanje, ndababaza muri bande? Imipanga ku madirisha aho nyene. Jewe n’umugore wanje twarakubiswe, turakoma induru turabura abaza gutabara. Gushika mu gatondo, umugore wanje yibungenze inda y’amezi indwi yavuga ko mu nda ataco yumva gikakaza. »

Felicien NIMBONA avuga ko yituye abajejwe intwaro, bamwemerera ko nibwaca bazobumviriza.

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, uwo yakubiswe n’abo yita Imbonerakure avuga ko mu gihe abajejwe intwaro bariko barabumviriza, abamukubise bakiyemerera ko batumwe n’uwutwara Imbonerakure muri ako karere, uwundi murwi waje usubira kubakubita bikomeye, bababwira ko ari « Intumva ». Batatu mu bakubiswe basinzikaye bakaba bari mu bitaro vy’abaganga batagira imbibe biri mu Kigobe (MSF).

Mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, umwe mu bashingamateka bayoboka RWASA yatowe mu gisagara ca Bujumbura, yishikiye aharaye habereye iyo mishamirano, nawe akaba yakubiswe n’abo nawe nyene yita Imbonerakure.

Pierre Celestin NDIKUMANA arongoye abashingamateka bayoboka RWASA, aherekejwe na bagenzi we, nabo nyene bashitse ahakubitiwe uwo mushingamateka Bernard NDAYISENGA. Aravuga uko yabisanze.

« Bose bababwira ko aribo bababuza kwitegurira 2020. Umushingamateka NDAYISENGA bahatswe kumunigisha ikaravati. Umukuru wa Karitiye yagerageje kwamama ariko biba ivy’ubusa. »

Muri uwo mwanya w’agatondo ko kuri uwu wa gatanu, abo bayoboka RWASA bari mu Kanyosha, inama nshingamateka yategerezwa gusubiramwo iyigwa ry’itegeko rigenga umwuga w’ukumenyeshamakuru. Ico gikorwa nticabaye kuko igitigiri c’abashingamateka kitakwiye, bitewe n’abo bo mu runani rw’abigenga AMIZERO y’ABARUNDI hamwe n’abo mu yindi migambwe bari basivye.

Umukuru w’inama nshingamateka Pascal BARANDAGIYE ntiyashimye ivyabaye : « Twama tubabwira ko igihe cose dufise ibikorwa ngaha mu nama nshingamateka twama tubabwira ko mutegerezwa kuza. Sinibaza ko igihe cose habaye ingorane hagati y’umunyagihugu n’abandi ko ibikorwa ngaha mu nama nshingamateka twoca tubireka. Si ngombwa ngo abashingamateka bose barenga 20 bagira rimwe ku ngorane iba yashikiye abanyagihugu babiri canke batatu. »

Pierre Celestin NDIKUMANA atwara abashingamateka bo mu runani rw’abigenga AMIZERO Y’ABARUNDI siko abibona : « Ubuzima buri imbere, burengeye ibindi vyose, amategeko no hanyuma arirwa. »

Pierre Celestin NDIKUMANA avuga ko ivyabaye kuri mugenzi wabo bitazobatera ubwoba. « Biraboneka ko bashaka kutubuza kwitaba amatora. Abariko barakora ivyo ntibiyumvire ko duca tujugumira. Ababikora ni bateshwe bate, ntituzoreka kuvuga ukuri. »

Mu runani rw’abashingamateka bayoboka RWASA Agathon bavuga ko umushingamateka Bernard NDAYISENGA abaye umushingamateka agira gatatu wa AMIZERO Y’ABARUNDI akubiswe, uwo Bernard akaba ubwiwe wenyene akubiswe gatatu, nk’uko vyemezwa na Pierre Celestin NDIKUMANA. Abandi bakubiswe ni uwo mu Kirundo na Rutana. Bose hamwe basaba ko ukudahana ivyaha kwohagarara.