Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa bakoze ibitero vya mbere kuri Siriya

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Ubwongereza n’Ubufaransa vyakoze ibitero bitari bike mu gihugu ca Siriya, inyuma y’indwi imwe gusa habaye ibitero vy’ubumara muri ico gihugu.

Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI, amenyesha ko ivyo bitero vyabaye isaha icenda z’ijoro,mu masaha yo mu Bufaransa vyari bitumbereye ahanini ahari ibirwanisho vy’ubumara mu gihugu ca Siriya.

Ikibanza gikomeye catewe ni ikibanza kiri hafi y’umurwa mukuru wa Siriya Damas, kikaba cari cagumye gitungwa urutoki n’abarongozi b’igihugu c’Ubufaransa.

Ibindi bitero bibiri vyabaye ku bigo biri hafi y’igisagara ca Homs, hagati mu gihugu ca Siriya, mw’ishirahamwe rijejwe gukingira agateka ka zina muntu muri Siriya bavuga ko hoba hari n’ikirindiro c’abasirikare ba Siriya catewe.

Ku ruhande rw’Uburusiya bwagirijwe kuva kera gushigikira Reta ya Siriya, bemeje ko ata kirindiro na kimwe c’ico gihugu cashikiwe n’ivyo bitero.

Igisirikare ca Siriya kirwanira mu kirere caciye naco gisubiza ibitero vya misire, ariko ku ruhande rwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, bemeza ko ata muntu n’umwe wabo yahasize ubuzima.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s