Uburusiya : Reta yahagaritse urubuga Telegram mu gihugu

Reta y’igihugu c’Uburusiya yugaye ikoreshwa ry’urubuga ngurukanabumenyi rwa Telegram inyuma yaho habuze ukwumvikana kubijanye n’uko amakuru aca kuri urwo rubuga yogenzurwa.

Amakuru atangwa n’ikigo kijejwe kugenzura itumatumanako muri ico gihugu amenyesha ko, caheruka kugabisha urwo rubuga rwa Telegram ko hageze igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2018 rutaratanga urupfunguruzo rutanga uburenganzira bwo gukwirikirana ubutumwa buca kuri urwo rubuga ruzoca ruhagarikwa.

Imwe mu mvo zatumye ikigo kijejwe umutekano gisaba guhabwa uburenganzira bwo kwinjira mu butumwa buca kuri urwo rubuga kwari kugerageza kugwanya ibitero vy’iterabwoba bishobora guterwa mu myaka iri imbere.

Pavel Chikov asanzwe yunganira ikigo Telegram kubijanye n’amategeko yavuze ko gusaba kwinjira mu butumwa bw’abakoresha urwo rubuga biciye kubiri n’amategeko ngenderwako y’igihugu.

Reta y’Uburusiya isanzwe yagiriza urwo rubuga ko abakora ibikorwa vy’iterabwoba arirwo bifashisha mu gutunganya ivyo bikorwa bigayitse.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s