Siriya: Uburusiya ngo « burazi neza uwagavye igitero c’ubumara »

Igihugu c’Uburusiya kivuga ko gifise ibimenyetso ntahinyuzwa vyerekana ko igitero c’ubumara cagabwe ku banyagihugu muri Siriya, cafashijwemwo n’ikigo c’iperereza c’ikindi gihugu.

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburusiya n’amakungu, Sergueï Lavrov ntiyavuze igihugu abakozi b’ico kigo c’iperereza boba baje bavamwo.

Moscou ishigikiye leta ya Siriya bacuditse, ivuga ko inyeshamba zo mu gisagara ca Douma arizo zarementanije ivy’ico gitero c’ubumara.

Ku rundi ruhande, ubutegetsi bwa Amerika buvuga ko isuzuma ryakozwe ku bantu bibasiwe n’ico gitero, ryerekana ko ubumara bwa « chlore » na « sarin » aribwo bwakoreshejwe.

Nta cegeranyo kirasohogwa ku kuntu ico gitero cagabwe, ariko ibihugu vya Amerika n’Ubwongereza vyemeranije ko gukoresha ivyo bigwanisho vy’ubumara bitegerezwa guhanwa.

Publicités

Laisser un commentaire

Entrez vos coordonnées ci-dessous ou cliquez sur une icône pour vous connecter:

Logo WordPress.com

Vous commentez à l'aide de votre compte WordPress.com. Déconnexion /  Changer )

Photo Google+

Vous commentez à l'aide de votre compte Google+. Déconnexion /  Changer )

Image Twitter

Vous commentez à l'aide de votre compte Twitter. Déconnexion /  Changer )

Photo Facebook

Vous commentez à l'aide de votre compte Facebook. Déconnexion /  Changer )

w

Connexion à %s